Ikoraniro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 7/6/2026
Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 7/6/2026 ikoraniro ry’abera mw’ishengero ry’urutare ryakoranye. Umwungere Sylvère MURWANEZA niwe yigishije amajambo dusanga mugitabo ca Yobu 42:2, Yoweli 2:26.
Thème: UMUGAMBI W’UGUTABARWA KWAWE URAHARI.
Yagize ati mbega wahinduwe niki? Yobu yarageragejwe bikomeye ariko twibukeko amarushwa y’umugororotsi ari menshi ariko uhoraho ayamukiza yose. Iyo waciye mukigeragezo canke mugipimo Imana igushumbusha birengeye uko wovyibaza.

Yongeye kandi ati haraho tubona umengo birugaye tukabona umengo n’inzira idashika ariko twibukeko Imana itagira imipaka. Ivyo uriko urahura navyo ntibitume usubira inyuma ahubwo twishimire Imana gusa kuberako ariyo soko y’intsinzi kandi niyo soko yo kuroranirwa.
Yasubiye kandi ati abantu bose barondera amafaranga canke bakiruka kukindi kintu cose baba barondera kugubwa neza ariko ukugubwa neza, kuroranirwa n’ibindi vyose ariko ivyo vyose bibonerwa muri kristo yesu.
Yasubiye kandi ati emera gutakaza abagenzi ntubitinye namba kuko inshumbusho yo ari nini kurusha. Hesha Imana intsinzi nayo izogushumbusha ibihetangabo ndwi ivyo watakaje.
Yarangije ati Imana yadusezeraniye isezerano ry’ishumbusho kandi ko tutazosubira kumaramara. Izomenya uburyo izobikoramwo ngo idutabare.
KOMERA NTUNYIGANYIGE.
Kurikirana ngaha : https://www.facebook.com/share/v/1BLuot6s2N/
MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI