INTUMBERO N’UKUGENE
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21/9/2025, umwungere Alexandre NIYONGABO akaba ariwe yatanze inyigisho. Yishimikije ijambo dusanga mu balewi 19:5.
Thème : INTUMBERO N’UKUGENE
Yagize ati Imana iraba imvo yatumye ukora ikintu ikanaraba n’uburyo wagikozemwo. Ngo umugirwa wo gutanga ishikanwa canke ikimazi bikomeza imigenderanire hagati y’Imana n’abantu.
Yongeye ati ikimazi n’ikintu gikenewe cane kuko gishira imigenderanire myiza hagati y’Imana n’abantu.
Yasubiye ngo ntitukazane amashikanwa apfuye nka gahini. N’abanyisirayeli mugutanga ibimazi baraba ibitungwa bitagira agasembwa.
Yongeye kandi ngo kera ntitwari twemerewe kwinjira ariko yesu ariwe kimazi kizima aritanga none twemerewe kwinjira ahera. Aburahamu yabaye umwizigirwa mugutanga isaka ariko Imana ica imuha ikindi kimazi kuko yabonye umutima yari afise.
Yarangije ati reka ntidupfishe ubusa ubuntu twagiriwe kuko bufise iherezo kandi dukwiye kuba maso.
Kurikirana igikorane muciye hano :
https://www.facebook.com/share/v/19pMhEPH8V/
MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI.