Ubugororotsi bgacu
Kuri uyu munsi w’Imana itarike ya 29 Ruheshi 2025, ikoraniro ry’abera ryakoranye.

Umwungere Venant NAHIMANA akaba ariwe yari umuvugabutumwa w’umunsi.
Theme: Ubugororotsi bgacu.
Matayo 5:17-20
Yavuze ati; Ubugororotsi bgacu ntibwomera nk’ubwabanyedini (abafarisayo) kuko tutoruha tubona ijuru.
Yongeye ati; Yesu ntiyazanywe no gukuraho ivyagezwe ahubwo yaje kubishitsa.
Yabasavye kwiga kubanza kubaza mpwemu yera uko adushingira intahe.
Yababwiye amabwirizwa Imana yatanze aho ari mu gitabo ceranda gikurikira: Kuvayo 20:1-17
Yongeye ati; Mw’isezerano rishasha n’ukugendera mu ma bwirizwa no mu kwezwa (vyumvikana ko dutegerezwa gukurikiza amabwirizwa mu kwezwa).
Abanyefeso 5:3
Matayo 5:37
Bahejeje kwumva ubwo butumwa bwiza habayeho abemeye kwakira Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.
Kurikirana igikorane muciye hano : https://www.facebook.com/share/v/1EPeiyWnqG/
MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI.



