Actualité de l'Eglise

KUBERA IMANA

Kur’uyu munsi w’Imana itarike 25 Rusama 2025.

Umwungere Sylvère akaba ariwe yari umuvugabutumwa w’umunsi.

Yigishije kuri Thème ivuga iti: KUBERA IMANA

Yifashishije amajambo ari muri

Zaburi 46:10

Yohana 3:16

Imana yaradukunze gushikayaho itanga umwana wayo w’ikinege, yatanze ico yarifise c’agaciro kugira idukize. Kubera ko ari Imana y’urukundo n’ubuntu bwinshi.

Umeze uko umeze kubera Imana, ico cose ufise, ico cose uri ni kubw’ubuntu bw’Imana.

Amahirwe, ibibanza wicaramwo, kwemerwa n’abandi, ukagira igikundiro vyose ni kubera Imana.

Nta hantu na hamwe Imana itogukura kandi ntanaho itogushitsa. Ariko ikibazo ni wewe nanje. Dushiriraho akarimbi Imana.

Kubera Imana birya vyose umaze iminsi usengera bizoshika.

Aho utarashika uzohashika kubera Imana.

Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwawe mbega uwokurwanya yoba nde?

1 Samweli 15:29

Imana harivyo yavuze nubwo bitarashika, bizoshika kuko ntibesha. Igihe kigeze izobishitsa.

Imana irakomeye, Uhoraho arakomeye.

Kuva uyu munsi ugire amasezerano mashasha n’Imana.

Yongeye ati Imana yabishatse irakoresha n’abansi bawe bakakugirira neza. Uhoraho azotsinda abansi bawe vuba cane.

Uyu munsi uze gufata agafoto uzoce uyiraba haheze imyaka 10 kuko izoba yaraguhinduriye amateka kuko dufise Imana ihindura amateka.

Yarangije asengera abantu bipfuje kwakira Yesu nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.

Kurikirana igikorane muciye hano : https://www.facebook.com/share/v/19WrWXAVnk/

MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI.

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.