Actualité de l'Eglise

Inyungu zo kugororoka hamwe n’inyungu zo kugabitanya

Uno munsi w’Imana wa 01/06/2025 ikoraniro ry’abera ryabaye

Umuvugabutumwa w’umunsi yari umwungere Isaac MBONIMPA

Thème: « Inyungu zo kugororoka hamwe n’inyungu zo kugabitanya »

Abaheburayo 10:38

Ivyahishuriwe Yohana 2:13

Yatwigishije kw’ijambo umugororotsi, aho dukunze kuribona mw’ijambo ry’Imana gusumba ijambo kugabitanya. Burya Imana ntiyigera yipfuza ko abantu bagabitanya.

Mu gihe ca Noah abagororotsi nibo batabawe

Mbega umugororotsi ninde?

Umwe atigeze kumenya icaha yamuhinduye icaha kugira tugirwe abagororotsi.

Turi abagororotsi kubera twizera kandi twakiriye igikorwa ca Yesu ku musaraba.

Umugororotsi arangwa

N’ivyakora

N’ivyavuga

N’inyambaro

Ibibanza bimwe agenderamwo

N’urukundo

Kandi agira akarimbi.

INYUNGU ZITATU ZIHEREKEZA UMUGOROROTSI.

– Azotetururwa

Yaduhaye akarorero k’Aburahamu ko yateturuwe igihe bari batanguye kumuvuga ko atararonka umwana kandi yitwa ko asenga

Aho Umuntu yatetererewe niho azotetururirwa.

– Azotabarwa

Loti na Morodekayi baratabawe.

Igihe kigeze uzotabarwa.

Naho bose bokwandura. uharanire kugumana ubugororotsi bwawe.

– Azorokorwa

Abasore batatu bararokowe mu muriro.

– Azoshumbushwa

Yesaya 61:7

– Umugororotsi azosiga umurage w’ukuri mu muryango

INYUNGU ZITANU Z’UMUNYAVYAHA

– Azomaramara

Zaburi 25:3 , Yeremiya 2:26 , Yesaya 50:7

– Azohona

Amos 1:8 , Yeremiya 28:11

– Akwegera umuryango wiwe

Yobu 27: 13-14

– Ivy’umunyakibi bizoyonga

Daniel 11: 1

– Umunyakibi azoragwa umuyaga

Imigani 11: 29

Yasozereye aduhimiriza kuva mu vyaha kuko ariryo tanguriro ry’ubwenge.

Kurikirana igikorane muciye hano : https://www.facebook.com/share/v/15wq36Qguh/

MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.