Inyungu zo kugororoka hamwe n’inyungu zo kugabitanya

Uno munsi w’Imana wa 01/06/2025 ikoraniro ry’abera ryabaye
Umuvugabutumwa w’umunsi yari umwungere Isaac MBONIMPA
Thème: « Inyungu zo kugororoka hamwe n’inyungu zo kugabitanya »
Abaheburayo 10:38
Ivyahishuriwe Yohana 2:13
Yatwigishije kw’ijambo umugororotsi, aho dukunze kuribona mw’ijambo ry’Imana gusumba ijambo kugabitanya. Burya Imana ntiyigera yipfuza ko abantu bagabitanya.
Mu gihe ca Noah abagororotsi nibo batabawe
Mbega umugororotsi ninde?

Umwe atigeze kumenya icaha yamuhinduye icaha kugira tugirwe abagororotsi.
Turi abagororotsi kubera twizera kandi twakiriye igikorwa ca Yesu ku musaraba.
Umugororotsi arangwa
N’ivyakora
N’ivyavuga
N’inyambaro
Ibibanza bimwe agenderamwo
N’urukundo
Kandi agira akarimbi.
INYUNGU ZITATU ZIHEREKEZA UMUGOROROTSI.
– Azotetururwa
Yaduhaye akarorero k’Aburahamu ko yateturuwe igihe bari batanguye kumuvuga ko atararonka umwana kandi yitwa ko asenga
Aho Umuntu yatetererewe niho azotetururirwa.
– Azotabarwa
Loti na Morodekayi baratabawe.
Igihe kigeze uzotabarwa.

Naho bose bokwandura. uharanire kugumana ubugororotsi bwawe.
– Azorokorwa
Abasore batatu bararokowe mu muriro.
– Azoshumbushwa
Yesaya 61:7
– Umugororotsi azosiga umurage w’ukuri mu muryango
INYUNGU ZITANU Z’UMUNYAVYAHA
– Azomaramara
Zaburi 25:3 , Yeremiya 2:26 , Yesaya 50:7
– Azohona
Amos 1:8 , Yeremiya 28:11
– Akwegera umuryango wiwe
Yobu 27: 13-14
– Ivy’umunyakibi bizoyonga
Daniel 11: 1
– Umunyakibi azoragwa umuyaga
Imigani 11: 29
Yasozereye aduhimiriza kuva mu vyaha kuko ariryo tanguriro ry’ubwenge.
Kurikirana igikorane muciye hano : https://www.facebook.com/share/v/15wq36Qguh/
MUHAWE UMUGISHA N’UHORAHO YAREMYE IJURU N’ISI

